REKA KWIZIMIZA !

Bamwe muri twebge bivugira ngo nta vyaha bafise, ahubwo bakabona ivyaha ku bandi!
Baribesha!

Nta muntu adacumura.
Vyongeye kandi, Ijambo ry’Imana rivuga riti:
« Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge. »(1Yohana 1:8)

Reka tureke kwizimiza, ahubwo duce bugufi, twemere twature ivyaha vyacu tubisabire n’imbabazi.
« Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose. »(1Yohana 1:9)

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe umutima wicisha bugufi kugira ngo duhore twatura ivyaha vyacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *