Iyo uvyutse mu gitondo ntuhereze umurongo canke intumbero umusi wawe, ngo ugire ivyo uwaturako, uvuga uko wifuza ko umera, ntaho uba utandukaniye n’umurimyi adatera imbuto mu murima wiwe, ikivugira ngo: “igishaka cose nico kizokwimezamwo, yaba amahwa, vyaba ivyatsi bibi, vyaba ivyatsi vyiza, ivyarivyo vyose…”
Ariko nta murimyi mwiza yiyumvira gutyo. Arazi ko umwimbu uvana n’ico yabivye.
“Ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura…”(Ab’i Galatiya 6:7)
Muri ubwo buryo nyene, umusi wacu ugereranywa n’umurima.
Iyo twasobanukiwe ko dufise ububasha bw’Imana muri twebge, ntidushobora kubwihoza ngo twizere igihamana.
Dutegerezwa kuvyuka mu gitondo dufise intumbero, tukarema umusi wacu mu kuwaturako amajambo y’ubuzima, tuvuga ukuntu twifuza ko umusi wacu umera, mu kwizera.
“Iy’ ugize ico ugabira, kizokubera uko wagomba, Kand’ umuco uzomurika mu nzira zawe.”(Yobu 22:28)
“Umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shinguka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona.”(Mariko 11:23)
Biba buri musi mu kwizera n’amajambo y’ubuzima wiyaturiye.
Ivyo ubiba mu kwizera ni vyo utegerezwa kwimbura ata kabuza.
Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA