SENYURA URWO RUHOME !

Hari impome tutabona zubakwa.
Ibuye ku rindi, igikomere ku gikomere, uguhemukirwa ku guhemukirwa, uruhome rurubakwa mu mutima.

Uruhome hagati yawe n’umuntu.
Uruhome hagati yawe n’uwo wita umwansi wawe.
Uruhome rw’agacerere, uburake, ishari canke kutizera umuntu.

Wibaza ko uba uriko urikingira.
Ariko utabizi, haba hari ivyo uriko urazibira.

Uruhome wubatse hagati yawe n’uwo wita umwansi ruba ruzibiye n’imigisha y’Imana.
Ruba rubangamiye ico Imana ishaka gukora mu mutima wawe n’ico ishaka kugukorera.

Ivyanditswe biratwereka ukuri gukomeye:
amatati atakemutse, ishari n’ukwanka gutamga imbabazi
birashobora guhagarika imigisha imwe canke ivyo Imana ishaka gukora mu buzima bwawe.

Uruhome wubaka kugiza uzibire umuntu, akenshi rubanza kuba uruhome imbere y’Imana.

Yesu yarerekanye ukuri: umubano n’Imana gusasagara mu mutima ufunze ku mugenzi wawe.

Mw’Ivanjili ya Matayo 5:23-24, avuga ati: “ Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahibukira ko har’ ico upfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.”

Imana ntiyanka abayininahaza,
ariko ntiyemera umutima wifunze.

Ishari rirafunga.
Uburake burakomantaza.
Ukutemera gutanga imbabazi kurafunga.

Imana ntiyinjirira mu muryango twifungiye.

Uruhome rwose s’ururinda gusa umubano w’abantu.
Rurashobora guhagarika amahoro Imana ishaka kuguha, ubuvuzi ishaka gukora mu mutima wawe,n’imigisha ishaka kukwugururira.

Hari aho imigisha isa n’iyahagaze, igisabisho kikaremera, amahoro agahungabana.

Mbega wosanga Imana itari kure?
Ahubwo yahagaritswe imbere y’uruhome?

Nk’uko Imana yasenyuye uruhome rw’i Yeriko, ntaco inguvu z’abantu zari gushobora —
ahubwo ni ukwumvira no kwizera.

Ni ko bimeze mu mutima:
uruhome ruragwa iyo twemeye kwirengagiza igikomere tugakurikira Imana.

Senyura urwo ruhome.

Buri buye ry’ishari rikurwaho, ritanga inzira ku bugororotsi.

Kenshi iyo uruhome ruguye mu mutima, ivyo Imana yashaka gukora mu mutima wawe n’ivyo yashaka kugukorera biragenda neza kandi vyisanzuye.

Senyura urwo ruhome.
Reka Imana isubize mu nzira ivyo umutima wawe wafunze.

IGISABISHO:
Mana, ndasenyuye uru ruhome imbere yawe.
Subiza mu mutima wanje ivyo ishari ryanje ryazibiye.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *