TINYA IMANA

Igihe abavukanyi ba Yozefu bamusanga mu Misiri, bavuye muri Kanani, yararwanije ikigeragezo co kubica kugira ngo abihore, kubera yatinya Imana.

Yababwiye ati:
« … mwoye gupfa, kuko ntinya Imana. »(Itanguriro 42:18)

Gutinya Imana s’ukuyitinya bga gutinya coba, ahubwo n’ukwemera kugira imyifato yo kwubaha no kugamburukira Imana.

Uku kwubaha no kugamburukira Imana nivyo bidutuma twirinda gukora ibibi vyose kuko tuzi neza ko Imana yacu yanka ikibi.
Reka dutinye Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze kwirinda gukora ivyo wanka.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *