TUBE ABANYAKURI

Agasangwa umuntu ahora yihisha iyo agiye gukora ivyaha bimwe bimwe, kuba ari kugira ahishe ingeso mbi ziwe, agume agaragara nk’umuntu mwiza mu bandi, na cane cane aho aba.

Muvy’ukuri, n’ivy’ubusa kubesha abantu tukabiyereka uko tutari, kuko, impera n’imperuka baruhira kuduhinyura.
Vyongeye, n’ubwo twihisha, Imana yacu yo iratubona.
Imana ivuga iti:
« Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze. »(Yeremiya 17:10)
Kandi irongera ikavuga iti:
« Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana. »(Zaburi 50:21)

Ha guhora turondera kwiyeza mu maso y’abantu, twigira intungane kandi turi babi, twari dukwiriye kurondera kwera mu maso y’Imana, tukaba abanyakuri nyabo.

IGISABISHO:
Uhoraho, Mwami Imana yacu, dushoboze kuba abanyakuri nyabo mu maso yawe no mu maso y’abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *