TUGIRANE UMUBANO MWIZA N’IMANA

Hari abakristo bibaza ko kuja kw’isengero buri gihe canke kuvukira mu muryango wa gikristo bihagije.
Abo bibagira canke birengagiza igihambaye kiruta vyose: « Kugirana umubano mwiza n’Imana. »

Muvy’ukuri, kugirango tubane neza n’Imana, dutegerezwa kwanka icaha nk’uko Imana ubwayo icanka kandi tukirinda no kugikora.
Kubera ko Mpwemu Yera ariwe ahagarariye uwo mubano mwiza hagati yacu n’Imana, niwe rero aca atwemeza ivy’icaha igihe cose bishitse tugacumura kugira duce twigaya Kandi twihane kugira umubano wacu n’Imana ntutosekazwe. Mpwemu Yera niwe kandi adufasha kwigobotora ingoyi y’icaha dukunda gukora.
Imbere y’uko asubira mw’ijuru kwa Se, Yesu yavuze ati:
« Uwo (Mpwemu Yera) ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka. »(Yohana 16:8)

Kubw’ivyo, abafise Mpwemu Yera muri bo, nibo bonyene (kuberako bakiriye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo) bashobora kugirana umubano mwiza n’Imana.
Duharanire kugirana umubano mwiza n’Imana kuruta ibindi vyose.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe kugumana umubano mwiza nawe kubwa Mpwemu Yera.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *