TWARAHEZAGIWE !

Ntituzosubire kubgira abana b’Imana ngo « Imana ibahezagire! », kuko basanzwe barahezagiwe.

Muvy’ukuri, kubera ko twizeye kandi twakiriye Yesu Kristo mu buzima bwacu nk’Umwami n’Umukiza wacu, twamwakiranye n’imihezagiro n’ibindi vyiza vyose biri muri we.(Soma Abaroma 8:32)

« Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo. »(Abanyefeso 1:3)

Ukurikije ukwemera kwa gikristo, kwakira Yesu mu buzima bg’umuntu bisobanura kwakira imihezagiro yose yo mu mpwemu ihindura kandi ikungahaza ubuzima bg’abemera.
Kubera rero dufise Yesu, nta yindi mihezagiro dukeneye, ahubwo tubera abandi abahezagiwe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubutwari bgo kubera abandi abahezagiwe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *