« Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru. »(1 Samweli 2:7)
Uwo Imana yashize hejuru yirinde kugira ubgibone no gusuzugura abandi, kugira ngo ntababaze Imana ngo bitume imucisha bugufi.
« Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho; Vy’ukuri akazobura guhanwa! »(Imigani 16:5)
Imana yacu yicisha bugufi kandi izira abantu b’ubgibone n’agasuzuguro.
Uwo Imana yacishije bugufi nawe ntayihebe kandi ntayituke, kuko niyemera agaca bugufi, Imana izomushira hejuru.
Bibiliya itubwira ko « Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu. »(1 Petero 5:5)
Imana yacu ikunda kandi ishira hejuru abantu bicisha bugufi.
Nimureke twicishe bugufi, kuko, « kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.(Luka 18:14)
Intumwa SINDAYIGAYA Jean-Claude