Bibiliya iriyamiriza yivuy’inyuma igiturire mu buryo bgose, haba muri politike, mu butunzi canke mu muco.
Ngibi bimwe mu bice nyamukuru bibivuga:
1. Imana iranka igiturire:
» Ntimuze mwemere ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ababona, kand’ igoreka imanza z’abagororotsi. »(Kuvayo 23: 8)
« Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri. »(Gusubira mu vyagezwe 16:19)
2. Abarya ibiturire bazokwibonerako ubutungane bg’Imana:
« Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari. »(Yesaya 1:23)
« Amaboko yabo yamogoreye gukora ibibi; umuganwa ari n’ivyo yaka, umucamanza aca ingurire, uhambaye yenyaguza ivyifuzo bibi vyo mu mutima wiwe: uko ni ko babijishira hamwe. »(Mika 7:3)
3. Kuba intungane nivyo Imana idusaba:
« Ugutungana kw’abagororotsi kuzobarongora, Arik’ukudambikanya kw’ingunge kuzozihonnya. »(Imigani 11:3)
« Umwami akomeresha igihugu imanza ziroranye, Arik’ uhongerwa aracubika. »(Imigani 29: 4)
4. AbaKristo bakwiriye kuba abagororotsi kandi bakiyamiriza igiturire:
« Ukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye. »(Luka 16:10)
« Kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane-cane mubiserure. » (Abefeso 5:11)
Bibiliya rero yigisha ko igiturire ari akabi gasenya igihugu kandi gatandukanya abantu n’Imana.
Abizera bahamagariwe kuba akarorero mu bunyankamugayo n’ubutungane.
IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe ubutwari bwo kwirinda no kwiyamiriza igiturire mu buryo bgose bushoboka bwiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA