TWIRINDE, NTIHAGIRE UWO DUTUMA ABA MUBI KANDI YARI MWIZA

Yefuta yafashwe nabi na bene se, baramutoteza, yisanga ari mu gahinga ahinduka umuntu mubi kandi w’imburakimazi.

“Maze Yefuta aca ahunga bene se, aragenda aba mu gihugu c’i Tobu; abantu b’imburakimazi bakoranira kuri we, bakagenda bambura abantu.”(Abacamanza 11:3)

N’aho amateka yiwe atubwira ko Yefuta yaruhiye gusubira mu gihugu ciwe akaba umuntu ukomeye, ni ngombwa ko tumenya ko yari yabaye umuntu mubi n’umukuru w’abantu b’imburakimazi bambura abantu kubera bene se.

Birakwiye ko tumenya ko ivyo dukorera abandi bibi n’amajambo mabi tubabgira bishobora gutuma baba babi.

Twirinde rero, muvyo dukora no muvyo tuvuga ntihagire uwo dutsitaza canke tugwisha ngo dutume ahinduka mubi kandi yari mwiza.
« Yamara tugire iyi migabo: ngo hoye kugira ushira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se. »(Abaroma 14:13)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe ntituzosubire gutuma abandi baba babi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *