Kubera kugira ukwizera kumwe, impwemu imwe n’urukundo rumwe rwa kivandimwe (Abaheburayo 13:1), abakristo bose bategerezwa kuba bafashanya (1 Abakorinto 12:26).
Urukundo rw’Imana rutuma abakristo bumva ko bajejwe abandi. Ni muri ubwo buryo bwo kumva, iri baruwa Pawulo yandikiwe Abaheburayo riduhimiriza kwumva ibintu:
« Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri. »(Abaheburayo 13:3)
Urukundo dukunda abandi rudutegeka kubumva no kubabarana nabo mu bihe bigoye.
Kubibuka mu bibazo vyabo bisigura kwishira mukibanza cabo kugirango tubashe kubumva no kwumva ububabare bgabo.
Tutishize mu mwanya w’ababoshwe nk’uko umengo natwe twoba turi mw’ibohero nkabo, ntidushobora kubabarana nabo, kuja kubaraba, kubagemurira, kubavugira no gufasha imiryango yabo.
Tutishize mu kibanza c’abariko baragirirwa nabi, ntidushobora kwumva agasuzuguro barimwo n’ububabare bubariho kugirango tubafashe kubivamwo canke guharanira ubutungane bgabo.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe guhora twishira mu kibanza c’abandi kugira tubumve kandi kubabarane nabo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA