N’ubwo Satani atwambura ibintu muvyo dufise, mu buryo bw’ibifatika no mu buryo bw’impwemu, Bibiliya iratwizeza ko dushobora kugarura ibintu vyose Satani yatwivye.
Ng’izi intambwe zitanu twocako kugira tugaruze ivyo satani yatwivye:
1. Kumenya inzira twamburiwemwo:
« Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane… »(Ivyahishuwe 2:5)
Akenshi Satani aca mu caha kugira ngo atwambure.
2. Kwihana:
Tumaze kumenya ko Satani yaciye mu vyaha vyacu kugira ngo atwibe ivyacu, dukwiriye guca twihana.
« Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe. »(Ivyakozwe 3:19)
3. Kwirinda kwivanga mu vy’abantu b’isi:
Iyo twivanze mu vy’abantu bo mw’isi, Satani aba abonye umwanya wo kugira ngo atwambure ivyo dufise. Dukwiye kuvyirinda.
« Efurayimu yivanga n’ayandi mahanga; Efurayimu ameze nk’umukate utagaraguwe, uzigiye uruhande rumwe. Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’imvi, ariko ntabizi. »(Hoseya 7:8-9)
4. Kumenya ko dufise ububasha kuri satani:
Isano yacu n’Imana biciye muri Yesu iduha ububasha kuri Satani.
« Ndababgire ukuri: Ivyo muzohambira mw isi vyose bizoba bihambiriwe mw ijuru; kand’ ivyo muzohamburura mw isi vyose bizoba bihamburuwe mw ijuru. »(Matayo 18:18)
5. Gusenga:
Biciye mu ma sengesho dushobora gutuma satani aruka ibintu vyacu vyose yari yaramize.
« Yamize ubutunzi miyonzwa, non’ azobudahwa: Imana izobisevya mu nda yiwe. »(Yobu 20:15)
IGISABISHO
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kugarura ivyo Satani yatwivye vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA