TWUZURE NA BOSE

Mw’ibaruwa yandikiye Abaroma, intumwa Paulo abahanura kubana mu mahoro na bose.

Avuga ati:
« Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose. »(Abaroma 12:18)

Abantu baragoye,
Urashobora kubakunda, ariko bo ntibagukunde,
Urashobora kubagirira neza, ariko bo bakagusubiza ikibi,
Urashobora kuba ubifuriza ineza, ariko bo bakakwifuriza inabi,
Urashobora kuba ubanezererewe, ariko bo bagufitiye ishari.
Ivyo ntibikwiye kuduca intege.
Nk’aba Kristo, twebge dutegerezwa kurangwa n’urukundo.
Urwo rukundo nirwo rudushoboza kwuzura na bose.
Urwo rukundo nirwo rwonyene rudushoboza kwihanganira amabi dukorerwa, tukarenzako tukitura ineza abatugiriye nabi.
Urwo rukundo nirwo rwonyene rushobora kuducisha bugufi, tugasaba imbabazi abo twagiriye nabi kugira dusubire kwuzura nabo.
Urwo rukundo nirwo rwonyene rudushoboza kubana mu mahoro n’abatarufise.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dufashe kwuzura na bose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *