UBAHA IMANA MU BIHE VYOSE

Kwubaha Imana mu bihe vyose, nivyo bigaragaza ko turi abantu ba Kristo.
Mu bihe vyiza, hari abibagira Imana ntibabe bacubaha Imana.
Mu bihe bibi naho, hari abaca baheba Imana, ntibabe bakiyubaha.

Uwutubaha Imana mu bihe vyiza arateye isoni, na Satani aramuraba akamugaya, kuko mu vyiyumviro vyiwe, umuntu wese ategerezwa kwubaha Imana kubera ivyiza imukorera vyose.
Nico gituma Satani yabgiye Uhoraho ati:
“Mbeg’ ugira ngo Yobu yubahira Imana ubusa? Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu. »(Yobu 1:9-10)

Uwutubaha Imana mu bihe bibi, niwe Satani yifuza kwumva no kubona kuko ahora ashimishwa n’uko abantu bikura ku Mana bakaba abaja biwe.
Igihe Yobu yari mu bihe bibi, ni Satani yoheje umugore wa Yobu kubgira umugabo wiwe ati:
“Mbega n’ubu uracakomeje kwa kugororoka kwawe? Tuka Imana, upfe uveho.”(Yobu 2:9)

Dukwiriye kwubaha Imana mu bihe vyose kuko, n’aho tutoyubaha, Imana iguma ari Imana iyobora ibihe kandi ibihindura uko ishaka.

IGISABISHO:
Uwiteka Mwami Imana yacu, dushoboze guca mu bihe bitandukanye dushikamye mu kwizera kwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *