UBGATSI BG’AMARASO

« (Kand’ uwo muntu amaze kugura ubgatsi ku vyo yahawekw ibiguzi vyo kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose araseseka. Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubgo bgatsi mu rurimi rwabo babgita Akeludama, risobanurwa ng’ Ubgatsi bg’amaraso.) Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe, ngw I we hasigare umusaka, Kandi ntihakagire uwundi ahaba,
kandi ng’ Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi. » (Ivyakozwe n’intumwa 1:18–20)

Hari ubgatsi buhinduka intahe y’ibicumuro vy’abantu.
Ubgatsi bg’amaraso buvugwa muri Bibiliya ni kimwe muri ubgo.
Ni ubgatsi bgaguzwe n’amafaranga Yuda Isikariyoti yahawe kugira ahemukire Umukama Yesu.

Ubgo bgatsi bgitwa Hakeldama bufise izina riteye isoni kandi ribi.
Buratwibutsa igiciro gikomeye co guhemukira ukuri.
Amafaranga y’icaha ntazana amahoro, ntazana umunezero — azana urupfu n’isoni.

Yuda yaragerageje gusubiza ayo mafaranga, ariko umutima wiwe waramuciriye urubanza.
Ubgo bgatsi bgahindutse ikimenyetso c’ukuntu icaha kirandura ubuzima — gisiga ubusa n’urupfu.
Kandi nk’uko Ivyanditswe bivuga:
“Ingero y’icaha n’urupfu.”(Abaroma 6:23)

Ariko inyuma y’ivyo hari ukuri gukomeye: Imana nticika intege mu mugambi wayo.
Nta buhemu bushobora guhagarika ivyo yateguye gukora.
Yuda yaraguye, ariko Imana yararonse uwundi azosubira mu kibanza ciwe.

Ubgatsi bg’amaraso butwigisha ibintu bikomeye.
Butuburira kutagurisha ukwizera kwacu kugira twunguke ivyo isi itanga.
Butwereka ko ivyo umuntu aronka mu buhemu bimutera umuvumo.

Ariko hari n’ubundi bgatsi— Golgota, aho amaraso y’Umwana w’Imana yamenekeye.
Amaraso ya Yuda yavuga urwanko,
ariko amaraso ya Yesu avuga urukundo n’ubuntu.
Ubgatsi bga Yuda bgarabaye ubg’urupfu, ariko ubga Yesu bgabaye ubg’agakiza.

None n’ubuhe bgatsi uri kwubakamwo ubuzima bgawe?

IGISABISHO:
Mwami Yesu,
Ndinda kugurisha ukwizera kwanje kubera ivy’isi bihita.
Ntwara mu nzira y’ukuri n’ubutungane.
Aho icaha canduje ubuzima bganje, amaraso yawe antunganye.
Hindura ubgatsi w’isoni mu bgatsi bg’ubuntu n’amahoro. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA SINDAYIGAYA
Umushingantahe w’ubuntu bugarura ubugingo.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *