Isi akenshi ivuga amahirwe, ariko Bibiliya ivuga ubuntu bw’Imana.
Amahigwe ashingiye ku gitangaza, atawomenya aho giturutse.
Ariko ubuntu bw’Imana bugaragaza ukuboko kw’Imana.
«Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, Arik’ uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.» (Imigani 16:33)
Ico twita amahirwe kenshi n’ubuntu bw’Imana tuba tudatahura.
Ubuntu ntibugurwa kandi ntibukorerwa; buratangwa.
Ntibuhindura ibintu gusa, ahubwo bunahindura ubuzima n’amateka.
«Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana.» (Abanyefeso 2:8)
Yozefu ntiyavuze ngo yagize amahirwe, yavuze ko ari Imana:
«Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza.» (Itanguriro 50:20).
Amahigwe arashira,
ariko ubuntu bw’Imana buhoraho.
No muri iki gihe, Imana ntiduhamagarira kwizigira amahirwe, ahubwo iduhamagarira kuyizigira yo.
Aho isi ivuga iti: «Nagize amahirwe»,
umwizera avuga ati: «Nakiriye ubuntu bw’Imana».
IGISABISHO:
Mwami,
duhe amaso yo kubona ubuntu bwawe mu bihe vyose vy’ubuzima bwacu.
Dutoze kukwizigira, n’igihe tuba tutumva vyose.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
