Kuva kera na rindi, umuntu yamye yipfuza inzira yoroshye. Ashaka kugera hejuru ku musozi atabanje guca mu mwonga, kwemerwa atabanje kubiharanira, kuyobora atabanje kuyoborwa. Uko gukunda ivyoroshe niko kwugururira Satani umuryango: Satani aba aronse akaryo ko kutubwira inzira ziwe zigaragara neza ariko zidusenya.
Mu bugaragwa, yabwiye Yesu ati: «Ndaguha ubu bubasha bgose n’ubgiza bgabgo, kuko jewe nabuhawe, kandi mbuha uwo ngomba wese: nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubgo bgose buraba ubgawe.»(Luka 4:6-7)
Yesu yaravyanse.
Ariko abantu benshi, n’abiyita abakozi b’Imana, ivyo baravyemera kugira bironkere ububasha bw’akanya gato ariko busenya!
•Abafarizayo barondera kuninahazwa n’abantu kuruta kuninahaza Imana (Yohana 12:43).
•Simoni yashatse kugura ingabirano y’Imana kugira ngo azoyicishe amafaranga mu bantu (Ivyakozwe n’intumwa 8:18-20).
No muri kino gihe, hari n’abiyita abakozi b’Imana barondera kandi bakoresha ubushobozi bwa satani.
Babigira kugira biyubake, kugira batangaze isi, bagakora n’«ibitangaza» bidasanzwe, mbere n’ivyo Yesu ubwiwe atigeze akora.
Yamara Bibiliya ivuga ko uwuri muri Kristo wese ashobora kwerekana ubushobozi bw’Imana biciye mu bitangaza vy’ukuri (Mariko 16:17-18), ariko vyose bigenewe kuninahaza Imana, atari umuntu.
Ariko hari itandukaniro hagati y’ubushobozi buva hasi(kwa satani) n’ubuva mw’ijuru(ku Mana).
Ubushobozi Satani atanga butera ubwibone, ubuja n’urupfu.
Ubushobozi Mpwemu Yera atanga butera kwiyorosha, uguca bugufi, ugukorera abandi n’ubuzima buhoraho.
Ubushobozi nyakuri si ugutsinda abandi canke gutangaza isinzi, ahubwo ni ugukorera abandi mu rukundo rwa Kristo.
Yesu yavuze ati: «muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.» (Ivyakozwe 1:8)
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yanje, ndinda kurondera ubushobozi bworoshe butuma nsenyuka.
Nyuzuza na Mpwemu wawe kugira ngo ubuzima bwanje bunezerere Izina ryawe kandi bukorere Ubwami bwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo ndabisavye, Amen.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA