« Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.(Ivyahishuriwe Yohana 3:20)
Yesu ari aho ku rugi rw’umutima wawe.
Ariko aradodora,
Arindiriye ko umwugururira.
Ntiyinjira ku nguvu, adodora buhoro buhoro.
Nturamwumva?
Ariko avuga ati:
« Ni Jewe. Ndagukunda. Nshaka kwinjira iwawe. »
Ushobora kuba ufise ibigufatiriye cane bigatuma utamwumva.
Canke woba ufise icakubabaje bigatuma atawe ucizera.
Woba uniyumvira ko bitakubereye ko aza iwawe kubera ibicumuro n’ibibi wiyagiriza.
Ariko Yesu ntava ku rugi rw’umutima wawe.
Arakurindiriye,
Arindiriye ko umwugururira.
Erega Yesu ntiyipfuza kuja mu buzima butunganye. Ashaka kuza iwawe, uko umeze kwose.
N’aho ubuzima bwawe bwoba burimwo akajagari,
Yesu ashaka kwinjira iwawe, atazanywe no kugucira urubanza, ahubwo azanywe no gusangira nawe ubuzima bwawe, akubabarire, aguhe amahoro, yibanire nawe ubuzima bwose.
Ugurura !
Ntiwemerere amajwi yo mw’isi akubuza kumwumva.
Kandi ntuterwe n’ubwoba ngo utinye kumwugirurira.
Mwizigire.
Mwugururire kuko azanywe n’urukundo.
Ntumusunike ngo umwankire kwinjira.
Ntaje yirenganira, aje ashaka kwibanira nawe ubuzima bwose.
Uno musi, ariko aradodora.
Ejo hashobora kuba ari kera.
Ugurura !
Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA