UGUTABARWA KWANJE KUZOVA HE ?

Mu bihe bimwe bimwe, ntidukeneye ubufasha bw’umuntu uwo ari we wese, ahubwo tuba dukeneye Ugutabarwa kuvuye ku Mana Yo ubwayo.

« Ndunamurira amaso yanje ku misozi: Ugutabarwa kwanje kuzova hehe? Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho Yaremye ijuru n’isi. »(Zaburi 121:1-2)

Muvy’ukuri, Imana iradutabara mu gihe, inyuma yo kubona ko inkomezi zacu ata bushobozi zifise imbere y’ikibazo tuba twahuye naco, twemeye ko Imana Yo ubwayo ari Yo yonyene ishobora kudutabara ikadukura muri ivyo bihe bibi.
Reka ahubwo tunezerererwe ko Imana ubwayo itubwira iti:
« Mpamagara, nanje ndakwitaba… »(Yeremiya 33:3)
Imana yacu n’umufasha atabura guseruka mu magorwa.(Zaburi 46:1)

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *