UKURI NI NGOMBWA

Intumwa Pawulo yanditse vyinshi mw’Isezerano Rishasha, yagerageje kugeza ubutumwa bwiza ku bantu bose, kuko yashaka ko abantu bose bamenya ukuri.(Soma 1 Timoteyo 2:4)

Turakeneye natwe kumenya ukuri no kukubwira abandi, kuko gufise akamaro mu buzima bwacu.
Kuki ukuri ari ngombwa?

① Ukuri kuduha kwidegemvya:
Yesu yaravuze ati: « Muzamenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya. »(Yohana 8:32)

② Ukuri kuraturongora:
“Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose.”(Yohana 16:13)

③ Ukuri kuraturinda:
Iyo « twakiriye gukunda ivy’ukuri, » tumenya kwirinda ukugabitanya no kubesha vy’abana b’abantu.(Reba 2 Abatesalonike 2:10 na Matayo 24:4)

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kumenya ukuri no kukubwira abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *