UBUMWE BWICA

“Ntimuzi yuk’ uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’ umubiri umwe na we? Kuko yavuze, iti Bompi bazoba umubiri umwe.”(1 Ab’i Korinto 6:16)

Uyu murongo utwigisha ukuri kw’impwemu gukomeye cane: uko umuntu aryamana n’uwundi, haraba uguhuzwa mu buryo bw’impwemu.
Imana yashinze ubumwe hagati y’umugabo n’umugore mu kurongora, ivuga iti: “Bakaba umubiri umwe.”(Itanguriro 2:24).

Ico Imana yaremeye kuba isoko y’urukundo rwera, Satani yagihinduye ikigwanishwa c’uguhonya.

Uwuryamana n’uwutari uwo Imana yamuhuje nawe, aba yifatanyije na we mu buryo bw’impwemu. Umubiri wiwe uba uhindutse ikintu gitukisha ubugingo kuko ari urusengero rwa Mpwemu Yera (1 Abakorinto 6:19).

Ariko ubuntu bwa Kristo buruta ivyaha vyacu.
Uwihana n’umutima wose, Yesu amuhambura iminyororu y’ubusambanyi kandi akamuha isuku ry’imbere n’iy’inyuma.

Ubu butumwa ntiburiho kugira buducire urubanza, ahubwo ni kugira tumenye ukuri: umubiri wawe si uwawe, ni uwa Kristo.
Yesu Kristo yifuza ko umubiri n’umutima wawe bimwegukira.
Kwibungabunga rero, n’ukwubaha Imana, ariko kandi ni n’ukwirinda ivyo twifatanyako bizibira canke bitubuza amahoro n’umunezero no gukura mu buryo bw’impwemu.

Kuryamana n’umuntu s’umukino, bituma uba umwe n’ico ukozeko.
Ico uhitamwo gukunda canke gukorako, ni co kiba igisata cawe.
Ariko niwifatanya na Kristo, uzoba ubaye umwe nawe, wuzuye ubugingo n’ukwera kwiwe.
Ni co gituma dukwiriye guhunga ibitwanduza vyose, tugashira ubumwe bwacu muri We.

IGISABISHO:
Mwami Yesu,
Warakoze kumpa agakiza ku giciro kinini no kugira umubiri wanje urusengero rwawe.
Mbabarira aho ntakurikije ivy’ukuri vyawe, aho ivyipfuzo vy’umubiri vyankoresheje nabi.
Nyoza ukureko umwanda wose niyanduje imbere n’inyuma ku bintu vyose nifatanijeko.
Mpa kuba uwo ukeneye, wongere unyuzuze Mpwemu wawe wera.
Mfasha kukwubahisha umutima, ivyiyumviro n’umubiri vyanje, vyose bibe ivyawe.
Uyu musi, mpisemwo kuba umwe nawe gusa.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *