Yonatani na Dawidi n’akarorero keza k’ubugenzi bw’ukuri.
« Yonatani yongera kurahiza Dawidi kubg’ urukundo yamukunda, kuko yamukunda nk’uko yikunda. »(1 Samweli 20:17)
Ng’ibi ibimenyetso bitanu vy’umugenzi w’ukuri:
① Akwereka urukundo rutagira ico rushingiyeko kandi ataco asavye,
② Arakwubaha kandi ntiyemera ko hagira umuntu akwubahuka ngo agusuzugure,
③ Ntashobora kugucira urubanza canke ngo akwiyumvire nabi, ariko arakubwiza ukuri mu iyo wibeshe, akagukebura,
④ Akuba hafi ibihe vyose, kandi arakurambararako, akagufasha mu vyoroshe no mu bikomeye,
⑤ Aragufasha kwibanda ku ntumbero z’imigambi myiza yawe kandi akagutera intege mu nzira nziza wafashe.
Imana iduhe abagenzi b’ukuri bashobora kudukunda nk’uko bikunda.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kubona abagenzi b’ukuri.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA