UMUNYAMAHORO

Ntidushobora gutanga ico tudafise.
Uwuzuye amahoro yo mu mutima, yahawe n’Imana, aba igikoresho co kuremesha amahoro mu bandi. Ariko uwubuze amahoro aba ari isoko y’ingorane n’intambara.

Yesu yavuze ati:
«Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.» (Yohani 14:27)
Aya mahoro si nkay’isi itanga, amara akanya gato; ahubwo ni ay’ukuri, akomeye kandi ahoraho, ava mu kuba Kristo ari mu mitima yacu.

Bibiriya ivuga iti:
«Hahirwa ababanguranya, kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana.» (Matayo 5:9)
Kuba uwuremesha amahoro rero ni ikimenyetso cerekana abana b’Imana.

Uturorero tw’ukuri:

•Mu muryango, umuvyeyi yuzuye ishavu n’intureka arashobora gusambura urugo rwiwe. Ariko umuvyeyi w’umunyamahoro aba ihungiro n’akarorero k’ubumwe ku bana biwe.

•Mu bantu, umuntu umwe afise inzigo n’umubabaro arashobora gucanoshamwo ababanyi canke agacimbiri. Ariko umutima wuzuye amahoro ya Kristo uba nk’umugozi uhuza bose.

•Mu gihugu, umuyobozi adafise amahoro yo mu mutima ashobora gukwegera igihugu mu ntambara. Ariko umuyobozi ayobowe n’amahoro y’Imana ashikana igihugu mu mahoro n’iterambere.

Umuntu adafise amahoro y’Imana ameze nk’ikiyaga nk’ikiyaga gisuriranya (Yesaya 57:20). Ariko hamwe na Kristo, umukirisu aba isoko ry’ubumwe no gukiza abandi.

Niduhore dusaba rero ko amahoro ya Kristo aganza mu mitima yacu, kugira ngo natwe tube abaremesha amahoro mu miryango, mu babanyi no mu gihugu.

IGISABISHO:
Mwami Yesu, Mwami w’amahoro, uzuza umutima wanje amahoro yawe nyakuri.
Unkize inzigo, ubwoba n’umutima uhungabanye.
Untume mba igikoresho c’ubwiyunge n’ubumwe.
Aho nzogenda hose, amahoro yawe agaragare mu majambo, mu bikorwa no mu ngingo zanje.
Ni mw’izina ryawe Yesu Kristo, ndabisavye, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *