Akenshi, ikosa rimwe, rimwe gusa umuntu akorewe riratuma umutima wiwe wibagira imyaka myinshi y’ineza yakorewe.
Ijambo rimwe ritewe n’ishavu, canke ukutumvikana, birahindura vyose!
Uko niko umutima w’imtashima umeze: wibagira vuba ivyiza wakorewe.
«Urukundo…rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.» (1 Abakorinto 13:5-7)
Kenshi turacira abandi urubanza rwihuse iyo batabashije kudukorera ivyo tubaronderako.
Twibagira ivyiza badukoreye, amasengesho yabo n’ubudahemuka bwabo.
Ariko Ijambo ry’Imana rivuga riti:
«Ntukibagire uwagukoreye ivyiza.» (Siraki 7:34)
Uturorero two muri Bibiliya:
Abisirayeli bibagiye Imana yabakijije muri Egiputa.
«Bibagira Imana, Umukiza wabo,
Yakoreye ibikomeye muri Egiputa.» (Zaburi 106:21)
Petero yihakanye Yesu, ariko Yesu ntiyamwibagiye.
«Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubgiye, at’ Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.» (Luka 22:61)
Yozefu yagiriwe nabi n’abavukanyi biwe, ariko yarababariye.
«Kubganyu mwagabiye kungirira nabi, arikw Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza…» (Itanguriro 50:20)
Urukundo rw’ukuri ntirwibagira ivyiza.
Umugenzi w’ukuri aguma hafi y’uwuri mu ngorane, kandi aramushigikira.
«Umukunzi akundana ibihe vyose,
Kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.» (Imigani 17:17)
IGISABISHO:
Mwami,
Nyigisha guhora nibuka ivyiza nakorewe, no kurengera ibintanshimisha nkorerwa.
Shira mu mutima wanje ugushimira abandi no kubagirira imbabazi, nk’uko biri mu mutima wawe.
Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
