Bibiliya ivuga ko « Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi. »(Imigani 18.21)
Ururimi nagwo rukaba arigwo ruhishura ikiri mu mitima yacu.
Umuntu afise ururimi rukaze, aba afise umutima urimwo uburake,
Umuntu afise ururimi rugaragaza ukwizera guke, aba afise ubgoba mu mutima,
Umuntu afise ururimi ruvuga imvugo ndenzarugero, aba afise umutima uhungabanye,
Umuntu afise ururimi rwirata, aba afise umutima utigirira icizere,
Umuntu afise ururimi rwanduye, aba afise umutima wanduye,
Umuntu ahora anegura abandi imisi yose, aba afise umutima utanyurwa.
Ku rundi ruhande,
Umuntu ahora akomeza abandi, aba afise umutima mwiza,
Umuntu avuga yitonze, aba afise umutima utekanye kandi w’urukundo,
Umuntu avuga ukuri, aba afise umutima w’inyankamugayo.
None wewe ufise umutima umeze gute?
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe umutima mwiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA