UMWAMI W’UMUHEREZI ATIYIZI

Bibiliya yemeza ko umwana w’Imana wese ari umwami n’umuherezi.
Uku kuri kwa Bibiliya gushimangira icubahiro n’inshingano vy’abana b’Imana.

Nk’abami, abana b’Imana bahamagariwe gutegeka mu mpwemu, kwerekana ubutware bg’Imana kw’isi, no gutorana ubgami.
Nk’abaherezi naho, bafise uruhare rwo kwinginga no gukorera Imana, batanga ibimazi mu buryo bwo mu mpwemu (guhimbaza, gusenga, kwumvira).

Iyi mirongo ikurikira iravyemeza:

« …Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe, akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen. »(Ivyahishuriwe Yohana 1:5-6)
Ibi bisigura ko Yesu yadukuye mu buja bw’icaha, adushira mu mwanya w’abami n’abaherezi.

“Ariko mweho mur’ ubgoko bgatoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.”(1 Petero 2:9)
Ibi bisigura ko uruhare gwacu nk’abaherezi rufitaniye isano n’inshingano zacu zo gushingir’intahe Imana no kwamamaza icubahiro cayo.

Ubu ni ubuntu bukomeye Imana iduha!
Kuba abami n’abaherezi vyose hamwe vyerekana agaciro dufite mu maso yayo n’uburyo inshingano zacu kw’isi zihambaye.

Yamara, benshi mu bana b’Imana ntibazi ko ari abami n’abaherezi!
Mbere, hari na bamwe bemeza ko kuba abami n’abaherezi vyagenewe gusa abapadiri bo muri Ekeleziya Gatolika canke n’abapasitori bo mu sengero y’Abaporotesitanti n’ayabakizwa.
Ibi n’ibinyoma vyeruye, kuko Bibiliya ivuga ko kuba abami n’abaherezi bitagenewe bamwe gusa, ahubwo ari ivy’abacunguwe na Yesu bose:
« … kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe, ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi. »(Ivyahishuriwe Yohana 5:9-10)

Iyumvire rero kuba uri umwami ariko utazi ko uri we !
Iyumvire kandi kuba uri umuherezi ariko utazi ko uri we !

Muvy’ukuri, kuba umwami n’umuherezi s’izina ryo mu mpwemu gusa, ni umuhamagaro wo kubaho ukurikije iryo zina.

Umwana w’Imana atazi ko ari umwami ntakoresha ubutware Imana yamuhaye:

a) Ayoboka ibihe aho kubitegeka no kubiyobora.
Yemera ibibazo ahura navyo aho kubironderera ibisubizo canke gukoresha kwizera.
Yizera ko gutsindwa kwiwe, amahirwe yiwe, ibimuzazaniye, bituruka ku bandi bantu.
Abaho gusa, adashaka gutera imbere canke kugira ico ahinduye ku bimukikuje.
Akarorero:
Umuntu arota kubona imibereho myiza, ariko ntagire ubgira bgo kwiga ubumenyi bushasha canke gukoresha amahirwe aronka, akivugira ngo « ubgo nibgo buzima. »

b) Abaho mu mutekano muke no mu gukekeranya.
Ntazi agaciro kiwe kandi ahora ashaka kwemerwa n’abandi.
Afise ubgoba bgo gufata ivyemezo kandi kenshi agendera ku vyiyumviro vy’abandi.
Yigereranije n’abandi, yumva ko ari hasi.
Akarorero:
Umuntu ahora atinya gufata ingamba, atigera yizera ubushobozi bgiwe, agahora arindira ko abandi bemeza ivyo yahisemwo imbere y’uko agira ico akora.

c) Ntagira intumbero n’icifuzo kizima.
Abaho umunsi ku munsi ata ntumbero isobanutse agira.
Ntiyemera ko ashobora gukora ibintu bikomeye ari kumwe n’Imana.
Ashimishwa na duke aronse kandi ntakunda kurota vyinshi canke ibihambaye.
Akarorero:
Umuntu afise ubushobozi ariko akemera akazi gato kuko yibaza ko adashobora gukora akisununuye, n’aho yoba agendana impano zomufasha gukora ibikomeye.

d) Yiganjemwo amarangamutima n’intege nke.
Acika intege vuba kubera ingorane.
Akunda gushavuzwa n’ubusa, arahungabana, agatwarwa n’agahinda aho kuguma atunganye.
Biroroshe ko agwa mu mico mibi (mu vyaha, ibitagira akamaro, ibiyovyabgenge, n’ibindi).
Akarorero:
Umuntu areka ubgoba bgiwe bukamutegeka amahitamwo y’ubuzima bgiwe, umuntu acika intege uko ahuye n’akabazo gato, canke akabandanya akwegana n’abagenzi babi ngo kubera atinya kugira irungu.

Umwana w’Imana atazi ko ari umuherezi ntamenya ko afite inkomezi zo mu mpwemu zo gutsinda Satani n’ibitero vyiwe:

a) Ntazi uwo ari we muri Kristo.
Yibgira ko ari umunyavyaha gusa yakijijwe n’ubuntu, ariko ko atari samuragwa w’Ubwami.
Abaho yicira urubanza aho kwemera no kwizera imbabazi n’ubutungane vy’Imana.
Akarorero:
Umukristo yibaza ko « yobona » ​​urukundo rw’Imana ar’uko akoze ibikorwa vyiza binezereza Imana, kandi akabaho atinya urubanza aho kuba mu mwidegemvyo wa Kristo.

b) Ntasenga afise ivyizigiro.
Asenga akekeranya kandi atazuyaje, ata kujijuka.
Ntiyishuza amasezerano y’Imana ku buzima bgiwe.
Areka abandi bakamusengera aho kwitaho umubano mwiza wiwe n’Imana.
Akarorero:
Umuntu asenga gusa mu gihe c’ibibazo kandi atizera ko isengesho ryiwe rishobora kugira ico rihindura.

c) Ntarwana mu mpwemu.
Yemera ibitero vy’umwansi aho kubirwanya n’Ijambo ry’Imana.
Yirengagiza inkurikizi mbi z’ivyo yakoze kandi akihutira kuzemera.
Ntazi akamaro k’intambara yo mu mpwemu mu buzima bgiwe.
Akarorero:
Umuntu afise indoto mbi canke ahora akandamizwa mu buryo bgo mu mpwemu, ariko ntasenge canke ngo arondere uburinzi kubgo kwizera n’Ijambo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kumenya no kwiyumvamwo ko turi abami n’abaherezi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *