UMWITSA WANJE

“Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi.” (1 Yohani 2:1)

Mu mutima w’umuntu harimwo ubwoba bw’urubanza.
Iyo umutima wacu wibutse amakosa yacu, urahungabana kubera utinya urubanza rw’Imana.
Ariko inkuru nziza ya Yesu Kristo irahindura vyose:
Yesu Kristo ntiyaje kuba Umucamanza wanje, ahubwo yaje kumbera Umwitsa amvugira ku Mana.
Ntangwanya kandi ntanyagiriza, ahubwo aramvugira akanyitsa imbere ya Data.

“Kukw Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.”(Yohana 3:17)

Mu gihe umurezi ashira ijwi ryo kunyagiriza hejuru, Yesu arahaguruka akamvugira.
Aca yibutsa Data ko vyose vyahereye ku musaraba.
Aho ni ho yahaniwe igihano nari nkwiriye guhabwa kugira jewe ndonke ubutungane, nambare izera.

“Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega n’Imana, kand’ ari yo ibatsindanishiriza? Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.”(Abaroma 8:33–34)

Iyo ntsitaye, arampagurutsa.
Iyo numva ntagikwiye, aranyibutsa amaraso y’isezerano.
Ntandekera mu kwiyagiriza, ahubwo arankomeza.
Ntambonamwo urubanza, ahubwo ambonamwo ubuntu n’urukundo.
Amaso yiwe yuzuye imbabazi, atari urwanko.

Yesu ntiyoshobora kuncira urubanza uno musi, kuko vyose vyahereye ku musaraba.
Ntazocira urubanza n’ejo, kuko yampaye imbabazi kera.
Igihano nari nkwiriye niwe yaruciriwe, kandi ubutungane bw’Imana bwararonse ishingiro muri jewe.

“Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.”(Abaroma 8:1)

Umwitsa wanje ntiyigeze atsindwa. Kuko amaraso yiwe yabaye ikimazi ciwe nyene.
Ntazana ivyemezo vy’amajambo, azana inkovu ziwe.
Kandi izo nkovu zivuga kurusha ijwi ryose ry’icaha, zivuga ngo:
“Uyu n’uwanje, naramwishuriye.”

Nico gituma mvuga ntatinya nti:
Nimba Yesu atancira urubanza, ni nde yoruncira?
Nimba Umwana w’Imana amvugira, ni nde yonyagiriza?
Ngenda nidegemvya, atari ku bw’ibikorwa, ahubwo ku bw’ubuntu.
Ndi umwere, atari ku bwa butungane bwanje, ahubwo ari ku bwiwe.

Ubu nduhukira mu mahoro y’Uwunyitsa imbere y’Imana.
Kandi no ku musi w’urubanza, ntazohagarara nk’uwuncira urubanza imbere ya Data, ahubwo azohagarara umvugira kwa Data nk’umuntu yacunguye n’amaraso y’isezerano rihoraho.

IGISABISHO:
Mwami Yesu,
urakoze kuba Umwitsa wanje w’ukuri n’Umurinzi ahoraho.
Iyo amajwi y’icaha ashaka kuncira urubanza, nyibutsa ko amaraso yawe amvugira.
Nyigisha kubaho nzi ko natsindanishijwe nawe.
Ubwunganizi bwawe bube amahoro yanje, ubuntu bwawe bube inkomezi zanje, urukundo rwawe rube ivyizigiro vyanje. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Umushingantahe w’ubuntu bugarura ubugingo.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *