Nimba muri iyi si hari amatati n’intambara, ni kubera ko abantu batihanganirana kandi batababarirana.
Ariko, ijambo ry’Imana riduhimiriza kwihanganirana no kubabarirana.
« …mwihanganirana, muharirana, iy’ umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uk’ Umwami wacu yabahariye, namwe abe ari ko muharirana. »(Abakolosayi 3:13)
Muvy’ukuri, guhinduka kw’umukristo bivuye mu kuvuka ubwa kabiri, bitegerezwa kwigaragariza ku bushobozi bgiwe bgo kwihanganira abandi no kubababarira.
Yamara, umuntu ashobora kwihanganira abandi no kubababarira mu gihe honyene afise umutima w’urukundo, kuko urukundo « rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. »(1 Abakorinto 13:7)
Niwaba rero udafise umutima w’urukundo, ntushobora kwihanganira abandi canke kubababarira.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe umutima w’urukundo kugirango dushobore kwihanganira abandi no kubababarira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA