URIFUZA KURAGWA UBUGINGO BUDASHIRA ?

Igihe Yesu yari mu nzira, haje umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza ati: « Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?
Yesu aramwitegereza aramukunda aramubwira ati:
« …Genda ushore ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire. »(Mariko 10:21)
Umurongo wa 22 utubwira ko uwo muntu « Yumvise iryo jambo arijirwa, agenda ababaye, kuko yar’ afise itunga ryinshi. »(Mariko 10:22)

Kuki uyu mugabo yababaye?
Ni ukubera ko Yesu yari amaze yari amubgiye ijambo rigoye: « guheba ivyo yari atunze ».
Nico kimwe no ku bakristo bo muri iki gihe: bishakira gusa guhabwa imigisha y’ibintu vy’isi: imodoka nziza, amazu meza, ubuzima bwiza; ariko ntibaha agaciro ukurondera ubugingo budashira.
Bibohera cyane ku bintu vy’isi bihera ntibarajw’ishinga n’ubwami bw’Imana.
« Umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru? »(Mariko 8:36)

Nivyo turakeneye ivy’isi kugira ngo tworoherwe mu buzima bwo mur’iyi si, ariko kubera ko ari ivy’igihe gito gusa, ntibikwiye kutubuza gukurikirana cane cane kuzoragwa ubugingo budashira.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kurazw’ishinga cane no kuzoragwa ubugingo budashira kuruta kwishinga ivy’isi bimara umwanya urume rumara.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *