Mw’ibaruwa Intumwa Paulo yandikiye Abakorinto, aravuga ko urukundo « rurenzako muri vyose… »(1 Ab’i Korinto 13:7)
Imvugo « urukundo rurenzako muri vyose » isigura ko urukundo rwama rwiteguriye kubabarira ntirugumye inzigo.
Ntirurondera kugaragaza amakosa y’abandi, ahubwo ruhora rurondera kubapfukisha ubuntu n’ikigongwe.
Kandi muvy’ukuri, « urukundo rupfuka ibigabitanyo vyose. » (Imigani 10:12)
Ivyo bisigura ko ata kosa na rimwe urukundo rudashobora gupfuka canke kubabarira.
Ariko rero, « gupfuka » ntibisigura kwemera ikibi, ahubwo ni ukwerekana ukwihangana n’impuhwe ku makosa y’abandi.
Nimba rero ushaka kugerageza urukundo rwawe, nusuzume ubushobozi ufise bwo gupfuka no kubabarira abo uvuga ko ukunda.
Apôtre Jean-Claude SINDAYIGAYA