UR’UMUCO W’ISI

Igihe isi yari itaragira ishusho kandi irimwo ubusa kandi umwijima utwikiriye ikuzimu, Data yaravuze. Ijambo ryiwe ryaremye umuco, maze umuco wirukana umwijima.
Kuba wavutse kubw' »Ijambo / Umuco », nawe ur’umuco w’isi kandi isi ikeneye ko uyimurikira n’umuco wawe.

« Mur’ umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose. Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru. »(Matayo 5:14-16)

“Ibikorwa vyawe vyiza,” n’ukuvuga ineza yawe no kwitaho abandi, ubushake bgawe bwo kwitangira abandi, kuba akarorero ka gikristo misi yose, bizoshimwa mbere vyubahwe n’abantu batarahinduka. Mu mpera, abantu bazomenya ko Imana ari yo igufasha kubaho uko. Ico gihe bazoyihimbaza.
Ibikorwa vyawe nivyaba vyuzuye urukundo, bizomurikira abari mu mwijima wo kwankwa n’inzankano.
Ibikorwa vyawe nivyaba bishingiye ku kwizera, bizomurikira abagitsimbaraye mu mwobo wo kutizera.
Ibikorwa vyawe nivyaba bigaragaza amahoro n’umunezero, bizomurikira imitima ibabaye kandi ifise ibibazo.
Ibikorwa vyawe nivyaba kandi ari vyiza, vyanse bikunze bizovuna ingogo y’ubusambanyi iri Ku bitugu vy’urwaruka.
Reka urumuri rwawe ruboneke!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuba umuco w’ukuri kw’isi kandi tubashe kumurika imbere y’abantu bo mw’iyi si.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *