Gusonera abavyeyi n’itegeko ry’ibihe vyose, ku bantu bose:
“Usonere so na nyoko.”(Kuvayo 20:12)
Abavyeyi n’umuyoboro canke inzira Imana icishamwo umugisha: Imana ikoresha ubuzima bwabo n’ukubaho kwabo kugira itange umugisha no kuturinda.
N’aho batoba ari beza, baguma ari ibikoresho Imana ikoresha.
Iri tegeko rizanana canke rifatanye n’isezerano:
“… kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamerererwe neza.”(Gusubira mu vyagezwe 5:16)
Gusonera abavyeyi bisobanura kububaha, kubatega amatwi, kubafasha, kubasengera no guhora ubagirira umutima w’ishimwe.
N’aho batoba ari beza, kububaha bituma tugira umugisha n’amahoro mu buzima bwacu.
Gusonera abavyeyi bituma haboneka amahirwe yo guterimbere: Yozefu, Rusi na Samweli baratey’imbere kandi bagira n’umugisha kubera kwubaha ababahaye ubuzima.
Ku rundi ruhande, kutubaha abavyeyi bifise inkurikizi zikomeye: kubura umugisha, guhora mu matati, kubura iterambere no kubona imigenderanire n’abandi yononekara.
IGISABISHO:
Mana,
Ndagushimiye ku bavyeyi wampaye.
Mfasha guhora ndabubaha no kwakira umugisha wawe.
Ndinda inkurikizi zo kutabubaha.
Mw’izina rya Yesu. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
