Imana yama ibivuga iti: “Wibuke.”
Kwibuka ni uguhora wicishije bugufi kandi wuje ugukenguruka.
Wibuke ibikomeye Imana yakoze (Gusubira mu Vyagezwe 7:18).
Wibuke isezerano n’amategeko yayo (Kuvayo 20:8).
Wibuke aho wavuye kugira ngo ugume wicisha bugufi (Gusubira mu Vyagezwe 5:15).
Wibuke gusenga: “Mwami, nyibuka” (Zaburi 25:7).
Wibuke abandi n’inshingano zawe (Abaheburayo 13:7).
Wibuke gusubira ku rukundo rwa mbere, wihane (Ivyahishuwe 2:5).
Uwibuka agendera mu gukenguruka, mu kwumvira no mu kwizigira.
Kubw’ugukomezanya kw’abera,
Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA