WIBUKE

Imana yama ibivuga iti: “Wibuke.”
Kwibuka ni uguhora wicishije bugufi kandi wuje ugukenguruka.

Wibuke ibikomeye Imana yakoze (Gusubira mu Vyagezwe 7:18).

Wibuke isezerano n’amategeko yayo (Kuvayo 20:8).

Wibuke aho wavuye kugira ngo ugume wicisha bugufi (Gusubira mu Vyagezwe 5:15).

Wibuke gusenga: “Mwami, nyibuka” (Zaburi 25:7).

Wibuke abandi n’inshingano zawe (Abaheburayo 13:7).

Wibuke gusubira ku rukundo rwa mbere, wihane (Ivyahishuwe 2:5).

Uwibuka agendera mu gukenguruka, mu kwumvira no mu kwizigira.

Kubw’ugukomezanya kw’abera,

Apôtre Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *