Nta kintu c’agaciro nk’umwidegemvyo…
ariko kandi nta kintu kigoye nk’umwidegemvyo.
Kuva kw’irema, Imana yahaye umuntu ingabire idasanzwe: ubushobozi bwo kwihitiramwo.
Ntiyamuremye nk’icuma, ariko yamuremye ashobora guhitamwo, gukunda no kugamburuka.
Imana yamuremye afise umwidegemvyo, ariko afise n’inshingano zo kuwitwaramwo neza.
Kuva mw’itanguriro, ikibazo carigaragaje.
Uhoraho Imana yabwiye umuntu, ati:
«Igiti cose co mur’ iryo tongo ukiryek’ uk’ ugomba; arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko.» (Itanguriro 2:16–17)
Adamu yari afise umwidegemvyo. Vyose yari avyemerewe… kiretse ikintu kimwe: kurya ku giti yabujijwe.
«Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bari kumwe, na we ararya.» (Itanguriro 3:6)
N’uko yahisemwo gukoresha umwidegemvyo wiwe arwanya Imana, aho kuwukoresha ari kumwe n’Imana.
Umwidegemvyo udafise kwigumya no kugamburuka uhinduka umuryango uja mu kugabitanya.
Kuva ico gihe, amateka y’abantu arisubiramwo: abantu bakitiranya umwidegemvyo no kugambarara canke kutubaha.
Ariko Bibiliya iratugabisha iti:
«Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu.» (Ab’i Galatiya 5:13)
Bibiliya iratwereka ko ikibazo atari umwidegemvyo, ahubwo ar’uko tuwitwaramwo.
«Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe.»
(1 Ab’i Korinto 6:12)
Kumenya kwitwara neza mu mwidegemvyo n’ukumenya kuwugamburukisha Imana, kuko umwidegemvyo w’ukuri atari ugukora ico ushaka cose, ahubwo ari uguhitamwo igishimisha Imana.
Yesu ubwiwe yaduhaye akarorero k’umwidegemvyo witwawemwo neza:
«Jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.» (Yohana 8:29)
Bibiliya yigisha ko umwidegemvyo ubona ubutungane mu kugamburuka, kandi ugatekana mw’Ijambo ry’Imana:
«Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.» (Yohana 8:31–32)
Umwidegemvyo utari mu kuri urabohesha.
Umwidegemvyo uri mu kuri urabohora vy’ukuri.
IGISABISHO:
Mwami, nyigisha kwitwara neza mu mwidegemvyo wampaye, kugira ngo uguheshe icubahiro. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
