YAKOZE IVYO UHORAHO ABONA KO ARI BIBI !

Salomo wari wahawe n’Imana impano y’ubwenge kandi wari ufite se Dawidi nk’urugero rwerekeye umubano n’Imana, yakoze ibyangwa n’Imana.

« Salomo yakoze ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ntiyayoboka Uhoraho rwose, nka se Dawidi. »(1 Abami 11:6)

None vyagenze gute ngo Salomo agere aho akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi kandi yari umunyabwenge?
1. Umutima wiwe watwawe n’abagore:
Salomo yari afise abagore amajana ndwi b’abamikazi bgite, n’abandi amajana atatu bo mu buryo bg’incoreke; nukw abo bagore biwe bamuhuvya umutima, bamwibagiza Imana.(Soma 1 Abami 11:3-4)
Umuntu wese yishora mu rukundo rw’abagore ategerezwa gucika intege mu buryo bw’impwemu.
2. Ntiyakomeje kwumvira Imana:
Salomo yategerezwa gukoresha amajambo yiwe y’ubwenge iyo akomeza kwumvira Imana.
Iyo tutumviye Imana, ntidushobora kuguma mu kuri. Kandi gutandukira ku kuri n’ugukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kutazigera dukora ivyo ubona kw ari bibi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *