WIKWIHAKANA UMUNTU UZI

Muri Yohana 18:16–32, tubona inkuru ikomeye ibera imbere y’amaso yacu.
Mu gihe Yesu yari ahanganye n’akarengane, Petero we yari ahanganye n’urundi rugamba: urugamba rwo mu mutima we.

Yarakunda Yesu. Yaramugendanira.
Yari yaramusezeranyije ko atazamutererana na rimwe.

Ariko nubwo bimeze bityo… yaramwihakanye.
Si inshuro imwe gusa, ahubwo ni eshatu.

Kuki?
Si ukubera ubwoba gusa, ahubwo ni no kubera igitutu, amaso y’abantu… ndetse wenda n’isoni zo kwiyumvamo kuba afitanye isano n’umuntu wabaye “ikibazo”, watawe muri yombi, ushinjwa, kandi wamaganywe ku mugaragaro.

No muri iki gihe, biracyabaho.
Turihakana:
inshuti,
uwo tuziranye,
umuvandimwe,
ndetse n’uwo mu muryango wacu…
Atari kubera ubwoba gusa, ahubwo nanone kuko uwo muntu ashobora kuba ari mu bibazo cyangwa mu kintu cyangiza isura ye.
Bityo tukamwitarura. Tukamwirinda.
Tukamwirengagiza.
Tukigira nk’aho tutamuzi.
Kandi rimwe na rimwe… tukamwihakana.

Ese ibi byigeze bikubaho? Wigeze wanga kuvuganira umuntu?
Wigeze uceceka kandi wari ufite icyo wavuga?
Wigeze wiyitandukanya n’umuntu kugira ngo urinde izina ryawe?

Kwihakanwa… birababaza cyane.
Cyane cyane iyo biva:
ku muntu wawe wa hafi,
ku muntu wari ufitiye icyizere,
ku muntu wari utegerejemo ubufasha.

Ni muri ibyo bihe — igihe ibintu byazambye, igihe umuntu agaragaye nabi, igihe afite intege nke — ni bwo akeneye cyane kuba hafi y’abandi, akitabwaho kandi agafashwa.

Ariko kandi… ni bwo akenshi abantu bamutererana.

Ariko Ijambo ry’Imana riduhamagarira kujya mu nzira itandukanye n’iyo kamere yacu ishaka:
“Nimwakirane imitwaro yanyu, bityo muzaba mwumviye byuzuye itegeko rya Kristu.” (Abanyagalati 6:2) “
“Nimujye muhumurizanya kandi muterane inkunga nk’uko musanzwe mubigenza.” (Abanyatesaloniki, iya 1 5:11)

Imana ntiduhamagarira guhunga abaguye, ahubwo iduhamagarira kubahagurutsa. Ntituhamagarirwa kurinda isura yacu, ahubwo guhamya urukundo rwayo.

Uyu munsi, iri jambo riraduhamagarira kwitekerezaho:
Ese tube nka Petero, dutwarwe n’ubwoba n’isoni?
Cyangwa tuhitamo kuba hafi y’abandi, n’iyo byaba bigoye?
Kuko gukunda by’ukuri ni uguhitamo kuguma hafi… n’iyo bitaba byoroshye.

ISENGESHO:
Mwami, mbabarira ku nshuro nahunze, nacecetse cyangwa ngahakana abandi kubera ubwoba cyangwa isoni.
Mpa umutima ushize amanga, ushobora gukunda, gufasha no gukomeza kuba indahemuka, ndetse no mu bihe bigoye. Unyigishe gutwara abandi, nk’uko nawe unyitaho buri munsi. Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

NTIWIHAKANE UMUNTU UZI

Muri Yohana 18:16–32, tuhasanga inkuru ikomeye ihora iba imbere y’amaso yacu.
Igihe Yesu yariko arahangana n’akarenganyo, Petero yari ahanganye n’iyindi ntambara: intambara y’umutima wiwe.

Yarakunda Yezu.
Yaramugendanira.
Yari yarasezeranye ko atazokwigera amuheba.

Ariko naho vyari ukwo… yaramwihakanye.
Si rimwe gusa, ahubwo ni incuro zitatu.

Kubera iki?
Si kubera ubwoba gusa, ariko kandi ni kubera umukazo, ijisho rya bose… kumbure n’isoni zo kwifatanya n’umuntu yacitse “ingorane,” yafashwe, aregwa, acirirwa urubanza ku mugaragaro.

No muri iki gihe, biracariho. Turahakana:
– umugenzi,
– umuntu bamenyanye,
– umuvukanyi,
– mbere n’uwo mu muryango…
Atari kubera ubwoba gusa, ariko kandi kubera uwo muntu yoba ari mu ngorane canke mu kintu coshobora guhumanya ishusho yacu.
Gutyo, turitandukanya na we. Turamwirinda. Turamwirengagiza. Twigira nk’uko tutamuzi.
Kandi rimwe na rimwe… turamwihakana.

Ivyo vyoba vyarigeze kukubako? Woba warigeze kwanka kuvugira umuntu?
Woba warigeze guceceka igihe wari ufise ico uvuga?
Woba warigeze kwitandukanya n’umuntu kugira ngo ukingire izina ryawe?

Kwihakanwa… birababaza cane. Cane cane iyo bivuye ku:
– muntu wo hafi yawe,
– umuntu wizigiye,
– umuntu waituye ngo agufashe.

Ni muri ivyo bihe — iyo ibintu bikomeye, iyo umuntu ari mu ngorane, iyo afise intege nke — ni ho akenera cane gufashwa, kwitwararikwa no gufashwa.

Ariko… aho niho kandi abantu kenshi bahebera abandi.

Ariko Ijambo ry’Imana riduhamagarira gufata inzira itandukanye n’iy’impengamiro zacu z’akameremere:
“Mwakirane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.”( Ab’i Galatiya 6:2 )
“Nuko muhanurane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.“( 1 Ab’i Tesalonike 5:11 ).

Imana ntiduhamagarira guhunga abaguye, ahubwo iduhamagarira kubahagurutsa. Ntiduhamagariwe kurinda ukuntu tuboneka, ahubwo duhamagariwe gushingira intahe urukundo rwiwe.

Uyu musi, iri jambo riduhamagarira kuzirikana: Twoba tuzomera nka Petero, turongowe n’ubwoba n’isoni? Canke twoba tuzohitamwo kwiyegereza abandi, naho vyoba bigoye? Kuko urukundo rw’ukuri ni uguhitamwo kuguma hafi… n’igihe bitoroshe.

ISENGESHO:
Mwami, mbabarira ibihe nahunze, ncereje, canke nkihakana abandi kubera ubwoba canke isoni.
Mpa umutima w’ubushizi bw’amanga, ushobora gukunda, gufasha no kuguma ari intahemuka, no mu bihe bigoye. Nyigisha kurongora abandi, nk’uko Unyitwararika imisi yose. Amen.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA