IYO GUSANGIRA BIBAYE IKIGERAGEZO

«Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.» (Ab’i Filipi 2:4)

Gusangira canke gusangiza bisa n’ibintu vyoroshe iyo tubivuze. Ariko mu buzima bwa misi yose, akenshi biba ikigeragezo gikomeye.
Kwishura fagitire y’amazi, iy’umuyagankuba, kugabura amafaranga y’ibikenewe vyose bihuriweko, canke gucunga itunga rusangi… hakunda guca haduka ukutumvikana, ukwidodomberana hamwe mbere n’intongano.

Ni kuki gusangira bigorana cane?

Bibiliya itwigisha ko intongano akenshi ziva ku kuba umuntu wese ashaka inyungu ziwe imbere ya vyose.
Yakobo yaranditse ati:
«Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?» (Yakobo 4:1)

Iyo twitaye cane ku vyo tworonka kuruta ku vyo dutegerezwa gutanga, gusangira bihinduka intandaro y’intongano n’intambara.
Umuntu wese ashaka kwungukira ku vyiza bihari, ariko iyo bigeze ku mabanga n’inshingano, benshi baca basubira inyuma.

Ariko Imana iduhamagarira kuba abagororotsi, abanyakuri kandi bitwararika ineza y’abandi. Uwungukira ku matungo canke ku vyiza bihuriweko ategerezwa kwemera no gutanga uruhara rwiwe mu nshingano zijanye navyo.
Kwirengagiza ivyo dutegerezwa gukora, mu gihe dusaba abandi kurangura ivyabo, si ubutungane kandi si ko Imana igomba ko tubaho.

Mu gihe c’intonganya, Aburahamu yaraduhaye akarorero keza cane. Igihe habaho ugushwana hagati y’abungere biwe n’aba Loti, yahisemwo amahoro aho guhitamwo intambara.
Yagize ati:
«Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana.» (Itanguriro 13:8)

Aburahamu yari yaratahura ko kubungabunga ubucuti n’imigenderanire myiza bifise agaciro karuta inyungu z’ibintu.
Rimwe na rimwe amahoro aba inyungu iruta gutsinda urubanza canke impaka.

Iyo ibiganiro bitagishoboye gutorera umuti ikibazo, ubukerebutsi buradusaba rimwe na rimwe kurondera umuhuza atagira aho ahengamiye, ashobora gufasha gusubiza ibintu ku murongo no kugarura ukwumvikana.
Imana ni Imana y’urutonde n’amahoro, si Imana y’uruyogoyogo.

Hejuru y’ibiharuro, amafagitire n’inyungu z’umuntu ku giti ciwe, ikibazo nyamukuru kiba kiri mu mutima.
Umutima wuzuye urukundo, ukwicisha bugufi n’ukubaha abandi uzokwama ubona inzira ijana ku bwumvikane.

Uyu musi rero, twibaze tuti: Mbega turondera uburenganzira bwacu gusa, canke turondera n’ineza y’abadukikuje?

Gusangira biroroha iyo urukundo rusubiriye ukwikunda cane, iyo umuntu wese yemeye kurangura inshingano ziwe, kandi iyo ubuntu bw’Imana buhindura uburyo tubana n’abandi.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu,
Duhe umutima ugororotse, wicisha bugufi kandi wuzuye urukundo.
Twigishe kubana n’abandi mu mahoro, kurangura neza inshingano zacu no kurondera ineza ya bose.
Mpwemu wawe adufashe gutsinda ukwikunda no kugendera mu kuri no mu mahoro.
Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA