Muri Bibiliya, turasangamwo amajambo atanu ashobora guhindura ubuzima bw’umuntu uwo ari we wese kandi akamugeza ku ntsinzi itigeze ibaho.
Duhisemwo rero kuyashira mu ngiro, ubuzima bwacu buzoca buhinduka.
1. Kwicisha bugufi
Kwicisha bugufi bisobanura kwemera dushima ko twishimikije ku Mana, kwumva ko dukeneye ubufasha bwayo muri vyose. Nitwaba twemera ko impano n’ubushobozi vyacu ari impano zituruka ku Mana, Imana irabinezerererwa igaca iduhunda imigisha.
« Ukwicisha bugufi kwitangira imbere y’ukwubahwa. »(Imigani 15:33)
2. Ubwenge
Umunyabwenge amenya kwitwara neza mu bihe vyose, cane cane mu bihe bikomeye canke bivuguruzanya.
« Jewe Bgenge, amakenga nayagize inzu yanje, Nserangura ukumenya n’inama nziza. »(Imigani 8:12)
3. Icubahiro
Twubaha umuntu uwo ari we wese kuwo ari we, kuko twemera ko muri we hari icubahiro Imana yamushizemwo, mu buzima bwiwe.
Aho icubahiro ciganje hari urufatiro rukomeye rwo kubana neza.
« Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami. »(1Petero 2:17)
4. Gutanga
Kubwa tewolojiya, gutanga bifatwa nk’igisubizo c’umuntu ku rukundo rw’Imana. Gutanga rero kwugurura amahirwe no gukora ubutoni ku Mana kandi bizana imigisha idasanzwe.
« Mutange, namwe muzohabga; ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isesekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe. »(Luka 6:38)
5. Kuba umukozi w’abandi
Mu gukorera abandi niho ikiremwa muntu kimenya umunezero n’ukuri no kunyurwa kw’umuntu.
Kuri Yesu, gukorera abandi bitegerezwa kuba inzira y’ubuzima:
« Ugomba kuba mukuru muri mwebge, az’ abe umukozi wanyu. »(Mariko 10:43)
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe duhinduke tube abantu bahimbara umutima wawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA