Mu bihe bigoye Yobu yaciyemwo, yabonye abantu biwe bamutaye.
Yavuze ati:
« (IMANA)Yantandukanije n’abo tuvukana, Kandi n’abo twari tuzinanyi baranyihakanye. Ab’ iwacu bantaye, N’abakunzi banje pfampfe banyibagiye. » (Yobu 19:13-14)
Ese ukuntu biteye agahinda!
Iyumvire wisanze watawe n’abakunzi, abagenzi hamwe n’abo muvukana uko vyokugendekera.
Mu bihe nk’ivyo, canke mu bihe bisa n’ivyo, ibanga n’ukuguma ku Mana no kuyicira bugufi nk’uko Yobu yabigenje.
Imana niyo ncuti yonyene, niyo muvyeyi wenyene, niyo muvukanyi wenyene adashobora kuguta no kuguheba mu bigeragezo.
Iyo atawushaka kukwumva, Imana yo birayorohera kugutahura,
Iyo abandi bakwanse, Imana yo, irakwiyegereza,
Iyo bose bagutaye, Imana iragufasha,
N’iyo ucitse intege ukihebura, Imana iragukomeza kandi igutera intege.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twibuka kukwitura mu gihe abacu badutaye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA