BUNGABUNGA UMUBIRI WAWE

Umubiri wawe ni impano y’Imana,
Reka kuwufata nabi, wubungabunge.
Fata umubiri wawe neza kuko urawukeneye.

« Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? »(1 Abakorinto 6:19)

Ubungabunge:
1. Urye neza:
Wirinde kurya vyinshi cane canke kurya ibiryo bibi.
2. Usinzire neza kandi uruhuke:
Inyuma y’akazi ushobora kuba unaniwe, ukwiriye kuruhuka kugira ngo urinde umubiri wawe.
3. Kora imyimenyerezo ngororamubiri:
Umubiri wawe ukeneye imyimenyerezo y’ubwoko bgose. Gusimba, kugendagenda, gutamba, kwigorora…
4. Witeho isuku ryawe:
Utegerezwa kwoga no kwoza amenyo. Utegerezwa kandi kwambara impuzu zisukuye.
5. Irinde ibiyovyabgenge vyose:
Inzoga, urumogi, itabi, ibiryo, gukunda cane ivy’igitsina, n’ibindi birashobora kukwononera umubiri.
6. Witondere ibibazo vy’amagara yawe:
Umaze kumenya ikibazo c’amagara yawe, utegerezwa kwiyitaho ukurikiza impanuro za muganga.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe kwitaho imibiri yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *