GEZ’AHO KUVUGA ABANDI NABI

Muri ubu buzima turimwo, hari abantu bakunda kugenda baravuga abandi nabi canke babahinyurira mu mutima.
Biragayitse, nico gituma Yakobo avuga ko kuvuga abandi nabi no kubahinyurira mu mutima ataho bitandukaniye no kubacira imanza kandi ari nakwo gucira imanza ivyagezwe.

« Bene Data, ntimuvuganane nabi. Uvuga nabi mwene Se, cank’ uhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo. »(Yakobo 4:11)

Abantu tubabona uko, sitwe tuba twarabagize uko bari.
Iyo rero twubahutse kubahinyurira mu mutima, tuba duhinyuye n’Imana yabagize uko bari.
Vyongeye, kuvuga nabi umuntu, n’ukuvuga nabi ivyagezwe, nivyo UBA uriko urahinyura, uba wigize umucamanza wavyo. Ivyo navyo birababaza Imana.
Mbega wewe, uri igiki kugira wubahuke guhinyura Imana n’ivyagezwe vyayo?
Vavanura n’ingeso yo kugenda uravuga abandi nabi.

IGISABISHO:
Mana ihoraho, duhe kutazosubira gucira abandi imanza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *