Ng’ibi ibintu indwi Imana yifuza kubona mu buzima bwacu.
1. Imana ishaka ko twicisha bugufi.
« Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru. »(Yakobo 4:10)
2. Imana ishaka ko twama imbuto.
« …mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana. »(Abakolosayi 1:10)
3. Imana ishaka ko tuyumvira tukayigamburukira.
« Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ibindi bimazi gusumba umwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama. »(1 Samweli 15:22)
4. Imana ishaka ko tuyitegako vyose, ko tubayo vyose tubizeye kuri Yo.
« Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose natiwe ibanga ryo mu vyo guhaga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena. Nshobozwa vyose n’umpa inkomezi. »(Ab’iFilipi 4:12-13)
5. Imana ishaka ko tuyizera.
« Utizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwegera Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impera abayirondera. »(Abaheburayo 11:6)
6. Imana ishaka ko tuba abakozi b’abandi.
« Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye. »(Yohana 13:14-16)
7. Imana ishaka ko twigana umwana wayo Yesu.
Intumwa Pawulo aratubwira ati: « Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristo. »(1 Abakorinto 11:1)
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora dushobora gukora ivyo wifuza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA