Ijambo ry’Imana ridusaba kwirinda ikintu cose Imana yanka.
Ng’ibi ibintu indwi Uhoraho yanka kandi bimusesema:
« Amaso y’ubgibone,
n’ururimi rw’ibinyoma,
N’amaboko avisha amaraso y’aberanda;
N’umutima ugera imigabo mibi,
N’ibirenge vyihutira kwirukira ikibi;
N’icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ ubuhumvyi,
N’uvyura imitongano mu bavukana. »(Imigani 6:16-19)
Ivyaha biri kuri uru rutonde bifise uburyo bibangamira Imana bikanabangamira n’ubuzima bwacu.
Dukwiye kuvyirinda kandi tukabirinda n’abandi.
IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kwirinda ivyo wanka vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA