IMANA NTIZOKWIGERA IGUHEBA

Isezerano rihumuriza mu vyanditswe n’uko Imana itazigera iheba abayo.
Mu gitabo c’Abaheburayo hari ahanditswe ngo, « kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.' »(Abaheburayo 13:5)

Mur’iyi si ihora ihinduka kandi aho abantu bahemukirana canke batandukana n’abandi, haba mu muryango, mu bucuti, canke bagatandukana biturutse ku urupfu, amasezerano y’Imana avuga ko itazigera iduheba araduhumuriza.

Uwugufasha uno munsi arashobora gupfa, ariko Imana yo ntipfa. Ica ikuronderera uwubandanya kugufasha.
Uwugufasha arashobora kunanirwa, ariko Imana yo ntiyonanirwa kuguha uwundi muntu abishoboye.
Uwugufasha arashobora kwimuka, ariko Imana yo ntiyimuka, igumana nawe, ikakuzanira muntu abandaniriza aho uwundi yar’agejeje.
Uwugufasha arashobora kukwanka akaguheba, ariko Imana yo ntishobora kukwanka no kuguheba. Ahubwo ica ikuzanira mu buzima bgawe uwundi muntu ugukunda kandi ugufasha.

N’ukuri, Imana ntishobora kuguheba.
Birashobora gushika ugatsitara, ukananirwa, canke ukagwa mu caha gikomeye, canke wewe nyene ukayiheba, ariko Imana ntishobora guca iguheba.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kukwizera kandi udufashe kukubera abizerwa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *