IMINWA Y’IBINYOMA

Iminwa y’ibinyoma ikora ivyaha Bibiliya yanditse mu vyago bibi cane.

« Upfukapfuka urwanko n’umunyaminwa y’ibinyoma, Kand’ uvuga ibirementanyo n’igipfu. »(Imigani 10:18)

Iminwa y’ibinyoma ibiba indryano, urwanko, icuka kibi n’urupfu mu mitima y’abantu.
Kandi ibitangaje, n’uko ivyo bisigaye ari nk’ibisanzwe no bantu biyita abakristo.
Ibi birateye ubwoba imbere y’Imana, kandi Imana ivuga ko umuntu wese ufise iminwa y’ibinyoma ari igipfu.
Ntushobora kwiyumvira kwica umuntu ukoresheje inkoho canke imbugita, ariko incuro nyinshi turica abantu canke tugerageza kubakurura hasi mu kubavuga uko batari, mu kubatyoza, mu kubashingira intahe itariyo, canke mu kubateranya n’ababo.
« Iminwa y’ibinyoma n’igisesema k’Uhoraho,
Arikw abakora ivy’ ukuri ni bo bamuhimbara. »(Imigani 12:22)

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutigera dutyoza kandi uturinde abantu bafise iminwa y’ibinyoma.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *