Ntidutegerezwa kwishura ikibazo cose tubajijwe.
Ntidutegerezwa gukuraho amatsiko kuri buri muntu wese ayafise.
Ahubwo, turashobora kubigenza nk’uko Yesu yabigenje igihe yari kwa Pilato. Nta jambo na rimwe yishuye.
Pilato yaramubajije ati: « Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi? » Ariko ntiyamwishura n’ijambo na rimwe, bituma ico cegera gitangara cane.(Matayo 27:13-14)
Ntaco bimaze kurondera guhindura imbono y’abatwagiriza kandi batari buhinduke. N’uguta ururimi. Tubishoboye, twokwicecekera.
Rimwe na rimwe inkomezi zacu ziri mu bushobozi bwacu bwo guceceka.
IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dushoboze guceceka igihe cose bikenewe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA