KUVA MW’ISONI WINJIRA MU MUNEZERO

Elizabeti yasanze yibungenze ari umukecuru ashaje cane kandi abantu bamwita ingumba.

Inyuma yo gusama, Elizabeti yinyegeje amezi atanu, agira ati:
« Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandabiyemwo kunteturura mu bantu. »(Luka 1:25)

Elizabeti avuga ko yagize isoni mu bantu, kubera ko ashobora kuba yarabonye abantu bongorerana ibintu ar’uko bamubonye yireganira.
Ubwo weho ntibiragushikira ngo ubone abantu bongorerana utuntu kubera bakubonye?
Imana ihabwe icubahiro ko izi kubihagarika.
Kuva Imana imukuyeko isoni ryo kwitwa ingumba mu bantu, yarasangiye umunezero n’umuryango wiwe, igihe yasubira kuboneka mu bantu yibarutse umwana yise Yohani Batisita.
Nk’abana b’Imana, natwe turafise impamvu n’uburenganzira vyo kwizera ko Imana ishobora gukuraho mu buzima bwacu ibintu vyose bidutera isoni, iceyi canke izina ribi mu bantu nk’uko yabikoreye Elizabeti.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dukureko kandi uturinde ibintu vyose biduter’isoni canke biduha izina ribi mu bantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *