Kenshi turumva abantu bagiriwe neza n’Imana mu buryo bumwe canke ubundi: Bafise buzima bwiza, amagara meza, akazi keza, baraterimbere mu kazi, bahora batsinda muvyo bakora vyose, n’ibindi.
Iyo tubonye canke twumvise abandi bahabwa imigisha, turibaza igihe natwe tuzoshikirirwa.
Ntampamvu dufise yo gucika intege canke yo kubagirira ishari.
Tumenye ahubwo ko ejo aho bukera natwe tuzoshikirirwa tugahabwa imigisha nk’abandi!
Duhore twibuka ko Imana itatubaza canke itatumenyesha iyo ishaka guhezagira umuntu uwo ari we wese. Nta n’uwo ibaza iyo ishaka kuduhezagira.
Nico gituma tudakwiriye kugira ishari.
Erega, « Nta co umuntu ashobora kuronka ubgiwe, atagihawe kivuye mw ijuru. »(Yohana 3:27)
Imana yacu ni Imana itunze. Ifise ivyo dukeneye vyose kugira tunezegwe kandi dutere imbere.
Reka rero twitegurire kwakira imigisha kuko iyayihaye abandi buca iyiduha natwe.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe imigisha uyu munsi nk’uko uhora uyiha abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA