Igihe Imana yashaka kumanura igihangange gikomeye catera ubwoba ihanga rya Isiraheli, yarungitse umuntu afise intege nke mu mubiri, Dawidi.
« Nuko wa Mufilisitiya abonye Dawidi, aramwitegereza, aramukengera, kuko yar’akir’umwana w’umusore, kandi yar’inzobe w’umunyakaranga. »(1 Samweli 17:42)
N’ubwo Goliyati, umusirikare rutura kandi ateye ubwoba yakengereye umuhungu muto Dawidi atari ufise ubuzobere mu vya gisirikare kandi ata birwanisho yarafise, Imana yamukoresheje kugirango akize ishusho rya Isiraheli.
Ntihagire umuntu n’umwe tuzokengera, kuko Imana irashobora, kubwishaka ryayo, kumukoresha mu buzima bwacu, mu kutugirira neza canke mu kuturwanya.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze kutazosubira gukengera abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA