NTUZOSUBIRE KUGANYA

Abantu benshi birabashikira bakareka amaganya akabatera iyo bashikiwe n’ibibazo bitandukanye.

Ariko Yesu atubgira ati:
« Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe? »(Matayo 6:27)

Nkako, amaganya ntaco adufasha atari ukutwonona gusa! Atubuza itiro, atwononera amagara, atuma dukora amabi tutokoze…

Iyo dutewe n’amaganya, tuba tugeze aho Satani ashaka kuko tuba tugaragaje ko adufiseko ubushobozi buruta ubg’Imana. Ni naho abonera n’inzira yo kudukoresha ivyo tutokoze.

Iyo naho, ivyodutera amaganya tutabihaye agaciro, tuba tugaragaje ko twizeye Imana, ko Satani ata bushobozi adufiseko n’aho yokora iki kugira adutere amaganya.
Ico gihe, Satani aca amaramara akazibukira, Imana nayo igaca yigaragaza mu gukora ibitangaza mu buzima bgacu.

IGISABISHO:
Uhoraho, Mwami Imana yacu, dushoboze kurengera no gutsinda ibiza vyose bigamije kudutera amaganya.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *